BurundicultureIKIRUNDI_news

Inkwano ntiyohava yohindurirwa Izina ikitwa “Gahuzamiryango”

 

Kuva na kera ngo abashaka gutungira ku mwana w’umukobwa mu gushaka kumukosha amafaranga canke ibintu vy’umurengera bamyeho, ariko ngo vyagiye bitituka uko imisi ibandanya igenda. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa n’umukukuruke muri Kamenuza y’Uburundi, patiri Adrien Ntabona.

Iyo nararibonye ikaba ivuga ko naho aho hambere vyamyeho kuko muri kamere y’umwana w’umuntu ariko ameze gushaka kurondera vyinshi, ngo ubu vyarenze ihaniro, ariko ngo hakajamwo n’akanyarigabo ka bamwe bamwe ko gushaka kwiyemeza ivyo batari bushobore.

Kuri ico kibazo c’inkwano nyene uwo muhumure akaba avuga izina rikwiye guhindurwa, ha kuvuga Inkwano, rigahinduka rikaba “Gahuzamiryango”, kuko ngo intumbero y’uwo mugirwa ashigikiye ko wohaguma, n’uguhuza imiryango 2 isangiye abo bageni.

Yagize ati : “ Kera bashaka ko umuhungu n’umwigeme bubatse urugo, bashigikirwa rwose n’imiryango yabo, bagaca bagira imigirwa myinshi s’ugukwa gusa. Ivyo vyose kwari ukugira ngo bahuze iyo miryango ize ishigikire urwo rugo rushahsa, hanyuma bagatanga ikintu, abatunze inka bagatanga inka, abatagira inka nabo bagatanga ikintu c’umwuga wabo, bazi ko abo bantu bakunda. ”

Nayo ku buryo uno musi bimeze, Mutama Patiri Diriyano Ntabona, akaba abona ko harimwo ugutituka bikomeye kw’uwo mugirwa, akaba yagize ati: “ Na kera iyo nsiguro yaratosekaye, umuntu aguma ari umuntu. Aho cobaye ikimenyetso co kwunga ubumwe co guhuza imiryango, hari abaca baboneraho bakahungukira, umuntu agasaba ibintu vyinshi. Ubu rero ico twungutse nuko uwo mugenzo mubi wo kuhungurukira ariwo warwiriye, tugaca rero turondera ibintu, nico gituma ibi vyubu vyafashe uwo mugenzo wo gutanga ikintu bagaca barenza urugero. Nico gituma rero jewe mbona ko ibi tugira ubu hongeyeko n’ikindi, kwiyemeza, kwerekana ko ubishoboye, ugahamagara abantu benshi, ugatanga vyinshi ukanabivuga. Ivyo rero vyajemwo mu nyuma uko ari 2, kurondera akunguko, n’ukurondera kwiyemeza.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 282