footballIKIRUNDI_newsSport

Uko vyifashe muri Coupe du président édition 2022

Ihiganwa ryatanguye ari imigwi 78 yo mu vyicaro vyo hasi, nyuma y’inkino zishika kuri zitatu hasigaye imigwi 16 iyo nayo igaca ihura n’imigwi 16 yo mu cicaro ca kabiri ligue B.

Ibiboneka nuko mu vyicaro vyo hasi harenganye imigwi mike cane muri iyo 78 yatanguye ihiganwa aho twobabwira nka Amicale de Kibimba na Mugara FC isanzwe atavyicaro ibarizwamwo.
Aho bukera ku musi wa gatanu igenekerezo rya 18/02/2022 bakaba batangura guhura n’iyo mu cicaro ca mbere Primus League.Tukabamenyesha kandi ko ico gikombe c’Umukuru w’igihugu mu mwaka uheze Catahukanywe n’umugwi wo mu ntara ya Cibitoke ariwo Bumamuru FC.

Indundi Magazine mu gisata cayo ca Sports ibipfurije gutangura indwi neza.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 181