BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_news

Hosy yahawe akaganuke ka Microphone kuri saint Valentin

Mu gihe ku musi w’ejo hari ku musi wahariwe abakunda, kandi abatari bake bahabwa utuganuke, umumenyeshamakuru Hosy irakoze nawe ari mu gitigiri c’abahawe akaganuke.

Ku mashusho yasangije abakurikirana urubuga rwiwe rwa Instagram, Hosy irakoze yabonetse afise akaganutse katamenyerewe mu bakundana.

Uwo mumenyeshamakuru mu tuganuke yahawe harimwo Microphone Proffesionel Sans fils, igikoresho akunda gukoresha cane co kimwe n’abakozi batari bake asanzwe afise musi y’uburongozi bwiwe.

Ariko hampande y’iyo Microphone, uwo mumenyeshamakuru akaba yanahawe n’udu chocolat, dukunze gutangwa nk’akaganuke mu misi mikuru itandukanye.

Mwomenya ko mu mashusho atandukanye yabonetse imbere yuko asangiza abantu ako kaganuke yahawe, habonetsemwo umukunzi wiwe DJ Brown asanzwe azwi cane muri Runtown Dj, bishoboka ko bari bakubitiye mu kaguriro kurondera ako kaganuke.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 744