kirundi_entertainment

Ibisikanya ry’uwahora arongoye amical des musiciens n’uwatorewe kuyirongora.

Hari igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2022 amatora yabaye ku mugaragaro mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi nkuko twabibamenyesheje mu makuru yacu twagiye turabashikiriza.

Abari bitoje akaba ari Kimana Edith ,Ndayishimiye Bright,Cedrick Bangi
uwatahukanye ikibanza ca mbere ni Ndayishimiye Bright
icegera ciwe ni Kimana Edith abo
nibo bazorongora ikiringo c’imyaka 5 imbere yuko hatunganywa ayandi matora.

Tubibutse ko kuva iryo shirahamwe rishingwa 1986 ariyo matora yambere yarabaye abayobozi bose batwara ivyimfatakibanza.

Igihe c’umwaka wose iryo shirahamwe riramutswa Roméo Ininahazwe
ariko igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2022 niho habaye ibisikanya na Ndayishimiye Bright, ibirori vyabereye
ku kibanza iryo shirahamwe rikoreramwo ( palais des arts)
Bompi bakaba bashimiye Leta y’Uburundi ukuntu yitaho Ishirahamwe ry’abaririmvyi ibicishije mu bushikiranganji bujejwe imicokama.

Uwugiye kurongora iryo shirahamwe yavuze kwagiye gukorana neza nubwo bushikiranganji mugushigikira Ibikorwa vy’umuririmyi bitere imbere bimenyekanishe Uburundi mu makungu

Indundi Magazine ikaba yipfurize iterambere izo ndongozi nabo bagiye kurongora muri (AMB)

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037