IKIRUNDI_newskirundi_entertainment

Inyuma y’imyaka 3 atakiri mw’isi y’abazima Member ivyiza yakoze biracavurwa

Nkuko twagiye turabibamenyesha mu makuru yacu kuva Ishirahamwe ry’abaririmvyi rishingwa 1986 nta matora nyezina yari bwabe agiye kuba 2022.

Imbere yuko Romeo Ininahazwe ahabwa kurongora iryo shirahamwe ryari rirongowe na Kwizera Botchum Freddy vy’imfatakibanza nawe yari yasubiriye Bruno Simbavimbere, yari azwi cane nka Memba, ubutore n’ubwitonzi nivyo vyamuranga.

Ugerageje  kwumviriza abaririmvyi batari bake barashima uko babanye uravye ivyo bonyene bivugira, Ko yari umuntu yumva amarira yabo ataco wamwitura agishoboye ngo areke kukibatunganiriza.

Ngwakaryoshe ntigahora mw’itama igenekerezo rya 1 Ntwarante 2019 yaciye yitaba Imana biturutse ku rupfu giturumbuka rwayobeye benshi.

Kw’ igenekerezo rya 1 Ntwarante 2022 akaba yararumanije imyaka 3 yitavye Imana, mu mwaka 2020 harakozwe igiteramo co kumwibuka ariko Ubu ku mvo zuko ibiteramo bitagikorwa nta categuwe. Ugerageje kuraba mu bantu bagendanye yaba abamenyeshamakuru ,abaririmvyi,…. bashizeko amafoto ku mbuga ngurukanabumenyi zabo bakurikije n’amajambo y’inkoramutima bavuga ivyiza vyiwe batazopfa bibagiye.

Indundi magazine ikaba isubiye guhoza umuryango wabuze n’imuryango w’abaririmvyi muri rusangi

Tubibutse ko iryo shirahamwe rirongowe na Bright Ndayishimiye n’icegera ciwe Kimana Edith bagiye gutwara imyaka 5 imbere yuko hatunganywa ayandi matora.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037