IKIRUNDI_newsInkino

Urunani niwo murwi ugitwaye ibendera muri Road to Viva basketball League 2022

Ihiganwa ritegura ihiganwa rikuru ry’umupira w’amaboko Basketball bitiriye “Viva basketball League” rizokwitabirwa n’imigwi 6 yo mu gisagara ca Bujumbura kumwe n’imigwi 4 yo mu gihugu hagati, iryo higanwa rikaba rigeze ku ndwi yaryo igira umunani(8).

 

Uku niko vyari bimeze ku musi w’indwi w’ihiganwa igenekerezo rya 12/03/2022

-Urunani 110-72 Muzinga
-New Star 73-72 Gymkhana
-Aigle noir 65-59 Imbeya

Inkino zikaba zarabandanije no ku musi w’Imana igenekerezo rya 13/03/2022 inkino zari zabandaniye:

-Kern 80-70 Mutanga United
-Les Hippos 65-55 Dynamo

Inkino zikazobandanya kuri uno wa gatandatu hamwe no kuwamungu ku magenekerezo ya 19 na 20 Ntwarante 2022.
Izo nkino zose zikaba zibera ku kukibuga  Département des Sports.

Kuwa Gatandatu 19/03/2022:

-Muzinga vs Kern
-Les Hippos vs Remesha

Kuw’Imana 20/03/2022:

-Mutanga United vs Dynamo
-New Star vs Urunani.

Kuri uwo musi w’Imana akaba ari naho mu murwi Urunani bazoba bafise urubanza rwo gutanguza gutanga Ku muragara i modoka Ku mukinyi yigenjeje neza.

Ndikumana Landry yari yahawe i moto akazoronswa I modoka Ku mugaragaro.

Tubibutse kandi ko umugwi Dynamo mu nkino zitanu umaze gukina umaze gutakaza zine(4) utsinda urukino rumwe gusa.

Twobamenyesha kandi ko umugwi Urunani ariwo mugwi utaratsindwa na rimwe muri rino higanwa ryokurondera itike ryo gukina ihiganwa rikuru ry’umupira w’amaboko “Viva basketball League”Ubu tuvugana ukaba uri mukibanza ca mbere.

Indundi magazine mugisata cayo ca Sports ibipfurije ibihe vyiza.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037