musicIKIRUNDI_news

Frank G80 nivyo ngo yarabuze ariko afise Ibikorwa vyinshi yariko arakora

FrankG80 n’umwanditsi w’indirimbo zitari nkeyi mwagiye murakunda abicishije mu gahogo kiwe.

Benshi mwamumenye cane ku ndirimbo yiwe “Mbe mukundiki”?mu myaka 2012 kubandanya yaragezweho, kuburyo ibiteramo cane cane vyo kumashure ntiyigera aburamwo.

Mu nyuma nko mu myaka 2016 harabaye agacerere nubwo yacishamwo agasohora kamwe kamwe ntakurikize akandi abakunzi biwe yarabanyoteza cane.

Haraciye umwaka wose arekuye indirimbo yiwe “Igiswi” Aho benshi Bari batangure kwibaza ko yoba yarahevye ivyo kuririmba.

Igenekerezo rya 18Ntwarante 2022 niho yashira ahabona indirimbo yiwe nshasha arikumwe na Kingorongoro yitwa”
Je suis là”.

Mu kiganiro yagiranye na Indundi magazine yavuze ko kwari ukuri yahora mu gacerere ariko ajaje kuko gusohora naho atasohora indirimbo, ibikorwa ni vyinshi, yagumye ariko arakora vuba ararekura indirimbo yiwe izozanana n’amasanamu, kandi ariko arategura kurekura album yiwe indirimbo hafi zose zikaba zisa nk’izaheze, ikazoba irimwo n’indirimbo zifise amasanamu( vidéo).
Akaba atarashima kuvuga indirimbo zizoba ziyigize canke izina ryayo
icasaba n’ukubandanya kumushigikira kuko album itwara uburyo bwinshi.

Agasaba Ko abadashaka KO impano yiwe iryama bomushigikira mu buryo bwogukurikirana Ibikorwa vyiwe ndetse no mu buryo bw’amahera
Cokimwe n’abandi baririmvyi bituma bashika kw’indoto zabo

What's your reaction?

Related Posts

1 of 175