IKIRUNDI_newskirundi_actualitekirundi_entertainment

Beni yavanye muri Buja Hit Tv imihezagiro

Beni ngo yajanye imihezagiro, ivyo nivyo uwo mumenyeshamakuru yaragize igihe akorera Buja Hi Tv yabwiye Alan The Real mu kiyago bagize kuri Indundi Tv.

Muri ico kiganiro, uwo mumenyeshamakuru yagarutse ku mpamvu yatumye asezera Buja Hit ubwa mbere, noneho akongera akagaruka muri uwo muryango, none asubiye kuwusezera ubugira kandi.

Benit yavuze ko icabitumye aruko yashatse guha ikibanza abandi, ariko uno musi naho akaba yashimye gutera iyindi ntambwe kugira aho bukera nawe ahe akazi urundi rwaruka.

Muri ico kiyago, Benit yavuze ko harimwo akabirya azanye, kuko hari ibiganiro bitari bike bizoba bitandukanye n’ivyo yarasanzwe akora bizoboneka kuri iyo mboneshakure yahawe izina rya Steps Media 257.

Mwomenya ko uno musi aho yimukiye ngo yagiye ajanye na mugenziwe bari basanzwe bakorana muri Buja Hit Tv, ari nawe bazobandanya bakorana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037