homepageIKIRUNDI_newsUncategorized

Urwevu: Menya uko umwasi akora hanyuma umwivune!!

 

Izaya 61:7

Aho mwari mwarateterewe , muzotora akabiri, aho bari bagize Isoni ,bazovuza impundu mu kubona intoranwa yabo. Nico gituma bazotorana kabiri mu gihugu cabo, kandi baronke akanyamuza kamaho. 

Akanyamuneza  kamaho, niryo sezerano Imana yagiriye abana bayo.  Ivyo ubimenye kandi ubizirikane. Ukuba woba uri mu mubabaro uwu musi, ntabwo ari ibiriko biva ku Mana. Ni umwasi akoresha uburyo bunyuranye kugira ngo agukandamize. Hano twagomba tumenye uburyo n’uruyeri binyuranye umwansi akoresha kugira akubuze akanyamuneza.

1 Imivumo

Aha ni ukuhagabira cane. Imivumo ni ikirwanisho gikomeye Satani akoresha kugira akandamize abana b’Imana. Ukaba ushaka kumenya neza ibijanye n’imivumo, urazorondera agatabo kanditswe n’uwitwa DEREK Prince kitwa ” How to pass from curse to blessing”, kazoheza kabahe umuco ukomeye cane kubijanye n’imivumo. Nciye ku mayange, uwo mwanditsi arerekana ko ko imivumo ishobora kugira inkomoko zinyuranye itatu: Hari imivumo ngo iva ku mana ubwayo nyene, hari imivumo ngo iva ku batware( Umuntu wese agufiseko ububasha), hakaba rero n’imivumo umuntu we nyene yivuma.

Iyo mivumo iraheza igaca ituma haza mu buzima bwawe, igisigo citwa inyatsi. ( the wasster ) Iki naco, kigutuma , ukutagira amaragamo iyo hari ifaranga rihirahiriye rigakorokera mu mufuko. Urara ntibuca, ukamengo amafaranga ariko arakubaba. Uza gusubira gutora agahwenge riheze. Nayo uri nk’umunwi w’urukanwa hoho, ico gisigo kiraheza kikoroherwa cane. Ni naco kandi nyene gitera ingwara. Intumbero n’uko kirahira kikarengwa ko utobika ifaranga mu mufuko. Eka ni ubundi buryo bunyuranye, nk’imodoka igaca igira ibibazo… kugira gusa mpaka iryo faranga rikuve mu mufuko.

Tubiciye irya n’ino turihweza tugasanga izaburi yakoreshwejwe n’Umwami Dawidi mu gihe yari yahuye n’ivyo bibazo ari Psaume 41.

Kandi mwihweje neza muraheza mugaca musanga, uwu muvumo ufitaniye isano n’imivumo yoba yavuye ku Mana, mwoheza mugaca muja gusoma Izaya igice ca 58 cose. Muca mubona ko Imana yagize ico ivuga ku bantu batitaho abakene.

2 Ukutagira amaragamo ( Ubwoba)

Ubundi bwenge izo mpwemu mbi zikoresha ni ukutaguha amaragamo. Mu kiringo rero izo mpwemu zimaze kubona y’uko hari ikintu kigira kigushikire kijanye n’umuhezagiro. Haraheza hagaca haduka ibintu bigutera ubwoba. Ibintu bije bwa midugararo. Maze aho ubaye ukabura amaragamo, ukazoza gutekana ar’uko utaye ukomoka. Muhura mwumva mu bitabo twasomye twasanze izi kandi arizo mpwemu ziri inyuma y’amasanganya( Agashuhu). Ikindi kandi zikora ni ugutuma ibintu uriko urakora bitigera binyaruka, bikama vyikwega. Ivyo biba kugira uhave uhebe, gutyo ya mihezagiro yari munzira ice igenda amazimayongo. Mu majambo make , izo mpwemu zikubuza kuba mukibanza co, mu gihe co nyene( To be in the right place at the right time).

Ninazo ziheza zikazimiza abantu , baja gukora ibitajanye n’ivyo bokoze kugira batere imbere. Kumbure ukaba wobaye umunyamuziki ahambaye , muga ugasanga wagiye gukora akandi kazi, uzosaza urushe atanico wishikanyeko. Ni impwemu mbi cane y’inzigo.

Tubiciye irya n’ino turaheza tugasanga izaburi Umwami Dawidi yakoresheje mu gihe yoba yari mu bihe nk’ivyo ari izaburi ya 64.

Irerekana ko, yariko asaba Imana imukize abansi atazi. Yamara rero ko yarimwo impwemu z’Imana, we yaraheza akamenya uko babikora agaheza akabishira mu gisabisho ciwe. Iyi ni izaburi wokoresha mu gihe cose umaze kuza urabona ko umengo hari ikintu kidashaka ko uragama aho buhiye.’

3 Ugushirwa mu kaneke

Hariho rero n’ubundi buryo bwihoreye ato woca n’ikanda, shetani akoresha kugira agushire mw’ibohero ry’uburyo bw’impwemu. Aho naho nta kindi akoresha atari ukugushira mu ruhumyi rw’umutima. Uraheza rero ugakikizwa n’abantu canke ibintu bigenda birakwibagiza bukebuke ico uri. Dogiri dogiri, ukagenda uremera ugaheza ukagenda uriyegerenya bukebuke ngo umere uko bashaka, maze ukaruhira gutakaza isanamu ryawe( Self-image) maze ukaba uwundi nawewe utazi.

Uraheza rero ugasanga wahuvuye winjira mu cobo utazi, ahantu mu mwijima, utakimenya ico uri. Ukutamenya ico uri bigutera ukutamenya ico maze. Gutyo rero hagaca hahava haziramwo ukwiyumva nk’umuntu ataco amaze.( Imburakimazi). Muzobona yuko kenshi ingwara zo mu mutwe zituma umuntu aca aguma yiyicariye, ibintu bikaba nk’ibitaco bikimubariye, kubera aba yaravuye ku musozi yahorako agatibukira mu manga nyabarega aho ata bindi acumva atari ibimuhurira mu matwi gusa.( Mu buryo bw’impwemu). Gutyo umunezero wiwe ugaca ugenda amazimayongo kuko mbere haba harageze aho atakinamenya vy’ukuri nico yokwita umunezero.

Izaburi tubona Umwami Dawidi yakoresheje mu bihe yarimwo nk’ivyo ni izaburi ya 43. 

Muyisomye murabonamwo ko avuga nk’umuntu yaguye mu kabande, ahantu ata munezero ahakura. Ariko yambaza Imana ko yomutwara ikamujana mu misozi ibamwo, kuko ari ho yokwironkera akanyamuneza.

WAME WIBUKA KO ISEZERANO RY’IMANA KURI WEWE ARI ICUBAHIRO N’UMUNEZERO. Igihe cose utariko urabaho ukwo, nturyame umukondorazosi, haguruka wivune umwansi Shetani.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 718