homepageIKIRUNDI_news

Vichou Love ngo Ku musi wa Bobo Marley nti mutangwe kuza gusangire nawe kuri Album yiwe

Isango yaduhaye kwagiye kurekura album yiwe yise “Embargo” ryabaye ntabanduka.

Vichou love abarizwa muri The Fighter production igenekerezo rya 5 Rusama 2022 yabikoze nkuko yari yaravyiyemeje ko atagusivya umusi iryo genekerezo nyene yahamagaje abanditsi n’abamenyeshamakuru kugira bayage ku kungene boja gushigikira urukurikirane rwiwe rugere kure yarafashe n’ akanya ko kuzibumvisha muri

Album yiwe igizwe n’indirimbo 14.

Iyo album uyisanga kuri youtube
icatumye naho yiwe ayita Embargo ngo inyishu iri mu ndirimbo yambere mu zigize iyo album .

 

Ugerageje kwumviriza indirimbo Embargo mu ncamake iravuga ku kuntu hari bamwe mu bajejwe kumenyekanisha Ibikorwa vy’abaririmvyi batakicerekwa Ibikorwa vya Vichou Love ngo yamara ivyo ntibimuca intege ahubwo bimwongerereza inguvu kuko impano yoyo araziko yayivukanye.

Vichou Love yamenyekanhe nka Mkali wa Show mu kumushigikira ni kuja kuri youtube yiwe ariyo Vichou love, murabona indirimbo zose mufate akanya mwumvirize muryoherwe.
Ariko kandi igenekerezo rya 11 Rusama 2022 umusi wo kwibuka Bobo Marley Umwami w’aba Rasta kw’isi yose azoba ari ngaho kuri Jardin du Peuple Murundi kw’injira ikazoba ari ku buntu akabasaba kuzoza kwifadikanya nabo uwo musi narirya icivugo c’aba Rasta ari Amahoro n’urukundo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686