homepage

Dj IRA mu gitigiri c’abazokwakira Kizz Daniel i Kigali

Aho bukera umwigeme Iradukund Grace Divine, umwigeme wa mbere w’umurundi akurikiranwa cane kuri Instagram akorera muri Afrika y’ubuseruko, niwe azokwakira Kizz Daniel mu kindi giteramo azokorera muri uwo muce wa Afrika.

Uwo mwigeme asanzwe azwi cane nka Dj IRA akaba ari mu gitigiri c’aba Dj bazovuza muri ico giteramo kiri mu biharurwa ko bikomeye biriko birategurirwa mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Dj IRA akaba azoba arikumwe n’abandi ba Dj bakomeye muri ico gihugu, mu kuvuza muri ico giteramo kizoba kuri uyu wa 5 n’uwa 6, igenekerezo rya 12 na 13/8 ahitwa Canal Olympia Rebero.

Dj IRA akaba ari mu bigeme 3 b’aba Dj ari ba rutumwako mu biteramo bikomeye muri ico gihugu, co kimwe n’imanza zitabirwa n’abategetsi batandukanye muri ico gihugu.

Dj IRA akaba atari rutumwako muri ico gihugu gusa, kuko no mu gihugu kibanyi ca Congo naho amaze igihe ariko akorerayo ibiteramo bitandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686