abakinyi bakina hanzeAthletisme

#Indundi Sports| Ubuserukizi bwa Nigeria bugiye gutegura ihiganwa ryo kwinonora imitsi ryitwa RUN BUJA

Ubuserukizi bw’igihugu ca Nigeria bukorera mu Burundi bwateguye ihiganwa ryo kwinonora imitsi ryitiriwe “RUN BUJA”.

Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 07 Nyakanga 2022 isaha zine zo mugitondo (10h00 ) ku cicaro c’ubuserukizi bw’igihugu ca Nigeria aho uwuserukira igihugu ca Nigeria mu Burundi Mr Elijiah Onyeagba yari yakoranije abanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru mu ntumbero y’ukubamenyesha y’uko bagiye gutegura ihiganwa ryitiriwe RUN BUJA ryo gusiganwa mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire myiza hagati y’Uburundi na Nigeria.

Mr Elijiah yavuze y’uko umuntu wese ashaka kwiyandikisha yokwegera ishirahamwe ryo kwinonora imitsi mu Burundi, mu gihe abipfuza kwiyandikisha mu buhinga bwa none boca kuri www.runbuja.com hanyuma ihiganwa ry’uno mwaka naryo rikazotangura itariki 1 mu kwezi kwa Munyonyo 2022 ku kibuga Intwari.

Abazokwitabira iryo higanwa bazoshika kuri 500 mu gihe abazotahukana ibibanza vya mbere bazotahukana ibahasha riva ku muriyoni w’amarundi (1.000.000FB) gushika ku bihumbi amajana atatu ( 300.000 FB) n’ibindi.

Ambassadeur Mr Elijiah Onyeagba yarangije ahamagarira abageze mu zabukuru ko nabo nyene bahawe ikaze muri iryo higanwa kandi ko n’ubushimwe bwabo butegekanijwe bakazokwiruka ikirere kingana n’imetero 10500 (10500m) ni ukuvuga 10,5 Km.

Mwomenya ko iryo higanwa rizoba rifashwe mu mugongo n’ibanki rya KCB tutibagiye n’ishirahamwe Brarudi rihingura ibinyobwa.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 136