Entertainmenthomepage

Lauria Nishimwe| Ibi bidushikira ntibize bishikire batoyi bacu

Lauria Nishimwe n’umukobwa w’akaranga mu ma kaminuza( Miss University),

Igenekerezo rya 11Munyonyo 2022 niho yafata rutemikirere yerekeza mu mazinga ya Philippines mw’ihiganwa mpuzamakungu Miss Earth.

 

Iryo higanwa riza kumwanya wa 4 kw’isi yose inyuma ya Miss monde, Miss international na Miss univers, rikazoba igenekerezo rya 29 Munyonyo uyu mwaka nyene.

Lauria Nishimwe arashimira cane umuryango wiwe wakoze ibishoboka vyose kugira aronke uburyo bwo kumushikana muri icogihugu ndetse n’abagiye baramufata mu mugongo.

Yarongeye aranatera akamo Leta ko yofata mu minwe ikibazo c’urwaruka ruba rugiye guserukira i gihugu Cabo mu makungu mukubaronsa uburyo bwogushikayo kuko ngo ari igihugu kiba gitewe iteka.

Kubwiwe ngo Leta yarikwiye gufasha urwaruka mu mpano zarwo kugira abandi batoya babo bazokurikira ntibaze bashikirwe n’ibibazo vyo kubura ubufasha nkivyo.

Tubibutse ko igenekerezo rya 2 Kigarama 2022 azoba yagarutse mu gihugu c’Uburundi.

Tukamwipfuza ko yotahukana ako gashimwe, ico asaba n’ukumukurikirana k’umbuga ngurukana bumenyi Facebook, Instagram, Tik tok n’izindi
dushirako Like Ivyo bimufasha kurwiza amahirwe yogutahukana ihiganwa

Nayo icivugo ciwe azosangiza abazoba bari muri ico kibanza ngo ni “Ubutungane Kuri bose.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722