abakinyi bakina hanzeBasketball

#IndundiSports| CRDB CUP : Urunani waraye utahukanye igikombe utsinze Dynamo

Ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 13 Munyonyo 2022 , isaha umunani 14h00 z’umurango niho umugwi Urunani wacakirana n’umugwi Dynamo mu rukino rwa nyuma rwa CRBD CUP igikomba cari catunganije n’ibanki CRDB yifadikanije na FEBABU, urwo rukino rikaba rwarangiye Urunani rutsinze Dynamo amanota 68 kuri 40.

Ku rundi ruhande mu bigeme umugwi les Gazelles niwo watahukanye igikombe mu gutsinda Gladiators ku manota 54 kuri 37.

Umugwi wa mbere mu bagabo ariwo Urunani watahukanye imiriyoni 5 z’amarundi n’uwa mbere mu bigeme nawo watahukanye imiriyoni 5 z’amarundi.

Mu bagabo :
———————

-Uwa mbere : Urunani waronse imiriyoni 5 z’amarundi

– Umugwi wa kabiri : Dynamo waronse imiriyoni 3 z’amarundi

– Umugwi wa gatatu : Les Hippos waronse imiriyoni zibiri

– Umugwi wa wa kane : waronse umuriyoni 1 w’amarundi.

No mu bigeme ni uko nyene bagiye banganya ubushimwe.

Inyuma y’urwo rukino, uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaboko mu Burundi FEBABU yaciye afata ijambo yakira uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaboko muri Africa FIBA Anibal Aurelio Manave.

Uyo nawe akaba yaragize ico ashikiriza kuvyerekeye umupira wa Basketball w’Uburundi mu kuvuga y’uko ari iteka ridasanzwe kubona yishikiye mu Burundi.

Mwomenyako ibanki CRDB ryari ryatunganije iryo higanwa mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 10 iriko ikorera mu Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 144