Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa CAF ryizeye abahagarikizi babiri b’abarundi aribo Nimubona Emery wo ku ruhande hamwe na Pacifique Ndabihawenimana ( wo kuri VAR ) kugira bazohagarikire inkino z’igikombe ca Africa gihuza abakinyi bakina mu mahiganwa yabo CHAN 2023 rizobera mu gihugu ca Algerie .
Abo bahagarikizi bari abahagarikizi b’abarundi bahora bizerwa na CAF guhagarikira inkino mpuzamakungu zikomeye , mbere hari naho bihora bishika bagatumirwa mu gihugu ca Libia guhagarikira zimwe mu nkino zikomeye zo muri ico gihugu .
Mwomenyako izo nkino zitegekanijwe kuzotangura igenekerezo rya 04 Ruhuhuma 2023.