kirundiUncategorized

Van Transport mu gikorwa c’impuhwe n’ukwitaho imbabare

Mu ntumbero yo gusangira umusi mukuru wa Noël n’ababaye, ishirahamwe ryo gutwara abantu n’ibintu Van Transport ryaterereye uburyo bungana n’i milioni zitatu z’amafaranga y amarundi (3.000.000Fbu), kugira bavuze Umwana yitwa Mpawenimana Lyse.

 

Uwo mwana, asanzwe aba mw’i Tenga muri Mutimbuzi, vyari bitegekanijwe KO agenda kwivuza mu Bufaransa igenekerezo rya 15/12/2022, kubera ikibazo c’uburyo, ntiyaba akigenda.

Inyuma yaho, ishirahamwe Bon Samaritain ryituriye Van Transport Company, nayo irabumvira. Agakuru keza rero, ico kibondo kizoja kwivuza iyo ndwara y’umutima mu bufaransa igenekerezo rya 22/1/2023.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 490