EntertainmentUncategorized

Yanick Uttar nubwo ataratubwira neza na neza umusi ariko ngo aratanga umwaka

 

Yanick Uttar ni umuririmvyi aririmba indirimbo zo kuninahaza Imana akaba asengera muri Holy center church irongowe na Apotre J Paul Manirakiza.

Uwo muririmvyi mwamumenye cane mu ndirimbo ziwe nka Nzovuga, Ibendera n’izindi…..

Mu kiganiro yakoranye na Indundi magazine Yavuze ko afise indirimbo zanditse zirenga igihumbi hasigaye gusa ko yinjira muri Studio.

Indirimbo yiwe ur’Intwari niyo yari aheruka gusohora hari Haciye hafi amezi 3, hagati yaho yaguma aboneka mu bikorwa bitandukanye vyo kuninahaza Imana haba Holy Center church, ndetse n’ahandi hatandukanye.

Uttar vuba agiye kuduha indirimbo nshasha izoba yitwa “Twegeraniye hamwe”.

Nubwo atarashima kutubwira umusi nyezina Tubandanye turindiriye muraziko atari ibanga Yanick Uttar iyo asohoye asohora indirimbo zikiza imitima ya benshi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 368