BurundiEntertainmentUncategorized

Nirna yishuye ibibazo vyibazwa hagati yiwe na Alvin

Ukudashigikira umugabo wiwe, Alvin Smith, mu bikorwa vyiwe vy’umuziki, Nirna avyerekanye ukundi, inyuma z’ibibazo bimwe bimwe vyibazwa.

Mu misi iheze, Hari amakuru yakwirakwijwe hirya no hino ko Umugore wa Alvin Smith yoba atagishigikira umugabo wiwe, mu bikorwa vyiwe ku mbuga ngurukanabumenyi .

Ivyo bikaba vyaranguye kuvugwa kuva aho uwo muririmvyi Alvin Smith afutiye ama Foto y’umugore wiwe ku mbuga ngurikanabumenyi akoresha.

Ukwo kuyafuta bikaba vyahuriranye n’igihe uwo muririmvyi yarasohoye Indirimbo nshasha yaheruka gukorera i Kigali. Iyo ndirimbo ikaba ari Turajana yakoranye na Bwiza, umuririmvyikazi w’umunyarwandakazi.

Ariko haraheze imisi mikeya uwo muririmvyi aheruka gusubira kuboneka ashira kuri Instagram ishusho y’umugore wiwe aho yariko amubwira amajambo y’urukundo, anamwipfuriza umwaka mushasha mwiza.

Ku bakurikiranira imbuga za Alvin Smith, uwo muririmvyi akaba yaheruka no gusangiza ama foto nyene kuri story ziwe z’uwo mugore wiwe abarizwa muri Canada.

Umugore wiwe nawe yerekanye ko nawe ashigikira umugabo wiwe mu gusangiza abamukurikirana kuri Instagram Indirimbo y’umugabo wiwe.

Iyo ndirimbo ikaba atari iyindi ni Turajana nyene, imwe abantu bari bavuze ko atigeze afasha kuyimenyekanisha.

Iyo ndirimbo ikaba ari nayo vyari vyavuzwe ko yoba yari yabaye imbarutso yo kudahuza kwa Alvin na Nirna, kuko ngo yoba yakoranye n’umwigeme, Kandi ngo iyo akoranye n’umukobwa, umugore wiwe ngo aba afise umutima uhagaze.

Ubu rero uwo mutambukanyi wa Alvin akaba aciye yemeza abantu ko ivyo bivugwa atari ukuri na gato, ahubwo ko amushigikira mu buryo bwose.

Ivyo bishotse mu gihe uwo mugore aheruka gusangiza abamukurikirana amajmbo yandikirwa n’abamukurikirana kuri Instagram, aho bamubwira ko adakwiranye na Alvin, kubera uko asa, uko ameze, n’ivyo yaciyemwo.

Bishitse Kandi mu gihe Alvin ariko arategura gushira ahabona indirimbo yiwe nshasha mu misi ya vuba. Iyo ndirimbo ikaba ari indirimbo yakoranye na Juno Kizigenza, iyo ndirimbo ikaba yahawe akazi ka AKADAJE.

Iyo ndirimbo ikaba izoba ije ikurikira Video ya Turajana imaze kurabwa incuro ziriko zirababa 300,000 mu kwezi kurenga gato isohotse.

Iyo ndirimbo ya Turajana ikaba yaravuzwe cane kubera ivy’ivana rya Alvin na Mukiwe, ubu tukaba turindiriye kwumva nimba iyi yiwe nayo izohava ironka aka Boost ku kindi kintu kizovugwa, kuko ngo ugusohoka kwayo ni Vuba cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 469