Entertainmenthomepage

Mamao housse na IRIBA musick batuzaniye umuririmvyikazi

Vyamaze kwemezwa n’uwusanzwe arongoye Mamao House “Esther Nish” ngo bagiye gufatanya na Iriba Musick mugushigikira iyi mpano nshasha.

N’indirimbo yiwe yambere isohotse y’umuririmvyikazi “Sand Milly” iyo ndirimbo izwi kw’izina rya “Kure” ubu ikaba ibarizwa k’urubuga rwiwe rwa YouTube

Intango imisi yose ngo iragoye ico basaba n’ukubashigikira yamara nimba indirimbo umaze kuyumviriza gira ico uyivuzeko uwo muririmvyikazi mwoba mwamwumvise gute?

Indundi magazine tugerageje kumwumviriza iyo mpano turumva neza ko hamwe yoshigikirwa yogera Kure nubwo ku ruhande rw’abigeme kenshi bikunda kubagora kubandanya urugendo neza.

Ariko icizere dufise ni uko tuzi ko uwuhagarikiwe n’ingwe aravoma, kuba arikumwe na Esther Nish twizereko ibintu bizogenda neza.

Akajambo kamwe ko kumutekerera Sand Milly kurugendo rwiwe agiye gutangura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722