Entertainmenthomepage

Mr Champagne n’indahiro yashizeko ngo ni ngombwa Kajala amuzane mu Burundi

Mr champagne umukurikiranye k’umbuga ngurukana bumenyi ntihagica imisi adashizeko ifoto ya Kajala uwahoze asohokana n’umuririmvyi Harmonize bamwe ngo Champagne yasaze ntibakwiranye.

 

Kandundura ya vyose n’ifoto yagaragaye umengo Mr champagne ashaka kw’iyahura kubera bamwimye urukundo.
Iyo nkuru yarayibeshuje ko nubwo akunda Kajala ntivyogeraho yokwiyahura.

Gusa yagabishije ngo abasigaye bamwanka kubera akunda uwo mu Mama w’umwana umwe yuko boteshwa bagata kuko ngo ntarota amuheba bashake bareke no kuza barakurikirana ibikorwa vyiwe(désabonner)

Yarahiye ararengwa ko umugambi wiwe wa hafi aruwokuzana Kajala mu gihugu c’Uburundi hama abamwanka babandanye bamaramara.

Ikibazo duca twibaza n’iki mbega koyaheruka mu gihugu iwabo (Tanzania)Kajala atigeze amuha amahirwe yokubonana ubu niho vyokunda ko aza babonanire mu Burundi?

Ivy’urukundo biragoye tubandanye turindiriye akajambo kamwe kuri Mr Champagne.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722