Burundihomepage

Abaririmvyikazi ngo bagiye gukorera hamwe kugira bagume mw’iterambere

Ku musi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi kw’isi yose amakuru twari dufise n’uko abakenyezi bahurikiye mu myidagaduro bazosangirira hamwe, ivyahora ari nk’umuzi w’ibuye.

Inkoko yabaye ingoma Indundi Magazine twavuze twahishikiye nkuko twari twarabibemereye, kukibanza nyezina hari Kumutwenzi Bar twahasanze abaririmvyikazi nka Chany Queen,Monna,Olga,Vania, Inès, Bellenice, nabandi benshi ……barikumwe na Edith asanzwe ari icegera muri Amicales des musiciens ndetse akaba ari nawe anarongoye Bantu Bwoy.

Uretseko bari mu mwambaro usa ,baranavugije indirimbo bakoreye hamwe baranahanahana ivyiyumviro bitandukanye,kuvyagiye birashikira umumwe kugira bikunde bamubone uno musi afise izina,Bose bahurije kw’ijambo, gutinyuka ukwitanga ,kudacika intege ibizotuma ugira ijambo nk’Umukenyezi.

Mu bigisha abandi ivyabaciye intege mu buzima ariko bikaba arinavyo vyabakomeje ni Edith Kimana,Monna Walda,Hosy,na Esther Nish.

Ikiyago carangiye bose bemeranije ko atabwoba ari ugutinyuka gukora kugira bishikane kw’iterambere.

Vyarangiye basangiye baratamba baratarika narirya uwomusi uba ari rwabo, banavuye ngaho berekeza muri Arena gushigikira abaririmvyikazi bagenzi babo bari baramutse bahateramishiriza abantu, abo nabo akaba ari nka Chany Queen,Meili,Linah La Blanche,Esther Nish

Musomyi mwiza mbega umusi mukuru w’abakenyezi kuri wewe usiguriki?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717