EntertainmenthomepageUncategorized

Ngo indyarya gusa n’izo zipfurije Isabukuru nziza muka Big Fizzo

Ngo indyarya gusa n’izo zipfurije Isabukuru nziza muka Big Fizzo

Nelly yagize ngo bamwe bagirira Surprise muka Big Fizzo ni indyarya gusa, kuko iyaba bakunda Manager Stein ngo ntibari kureka kumushigikira acitoza. Ariko ayandi makuru twaronse nayo akaba avuga ibindi.

 

Umunyarusaku Nelly Nat ngo abagiriye Surprise Kimana Edith Stein ngo ni indyarya gusa, nta rukundo rwari ruri muvyo bakoze.
Akoresheje imbuga ziwe za Whatsapp na Instagram, uwo munyarusaku yavuze ko igituma ari uburyarya nuko uwo mugore wa Big Fizzo yabuze abamutora mu gihe yariko aritoza ngo arongore Amicale, none ngo baje kumwereka urukundo ubu vyarangiye.
Nelly Nat yavuze ko igitigiri cabonetse c’abaririmvyikazi bamwipfuriza Isabukuru nziza, ngo iyo baboneka baje kumutora mu matora ya Amicale, ngo yari kuba yaronse Presidence yarondera.
Nelly Nat yagize ngo : ” Muharure imitwe iraho, muce muharura amajwi bari kumuha igihe yitoza , 29? aciyamamaza ni bake bamushigikiye, bon guhimbaza umusi w’abakenyezi ni sawa, ariko kubera yarafise anniversaire baciye bamutegurira surprise kugira bamwereke ko bamushigikiye, uburyarya, uburyarya, uburyarya, ngo n’urukundo? Muri ba mbone mudukurire uburofa ngaho, iyo mwari gukorana mukaza kubikora akeneye Presidence ya Amical. Ndazi ko muza kwidoga ngo ntaco Nigera nemera birabasha ntawungaburira, mufise inzigo irenze, nta rukundo mufise , ubwo n’uburyarya. Mbega igihe bagira Anniversaire ya Bantu Bwoy ko mutagiye kumushigikira?”
Naho Nelly avuga uko, amakuru twahawe n’umwe mu bari muri uwo mugwi wamugiriye Surprise ngo icatumye bashima kumugirira Surprise ngo harimwo n’ukumushimira ko yabahurije hamwe ngo abahe akaryo gukorera hamwe, kuko abari muri uwo mugwi bahurikiye muri “Burundian Female artists Network”.
Amakuru Kandi twaronse nuko uwo mugore wa Big Fizzo ngo ariwe yakoze ibishiboka vyose ngo abo bigeme akatari gake bari baragerageje gukorera hamwe bikanka, ariko ubu babe bafise umugwi bahuriramwo.
Ku batavyibuka, aba bahuriye hamwe muri uwu mugwi nyene nibo baheruka guhimbariza hamwe umusi wahariwe Umukenyezi, aho uwo musi baganiriye vyinshi mu bibaraba mu bikorwa vy’umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 750