Uncategorized

Dudu T. Niyukuri ngo n’abakozi b’Imana n’abo baraja muri Toilette

Naho abantu Bazi ko abakozi b’Imana ari ibihangange, ngo bwa bundi n’abo barashikirwa n’ibibazo bikomeye, ariko Dudu Niyukuri we ngo uburyo abivamwo ngo habamwo kwibuka ivyo yabayemwo, Imana ikamurinda.

Ikosa abakozi b’Imana bakora ngo n’ukwerekana ko boba ari ibitangaza batameze nk’abandi bantu basanzwe nabo bashobora gushikirwa n’ibibazo. Ivyo n’ivyo umuririmvyi Dudu Niyukuri aheruka gushikiriza.
Uwo muririmvyi abarizwa muri Kenya, yavuze ko kubera abantu bafata abakozi b’Imana nk’abantu badasanzwe, ngo iyo bahuye n’ibibazo, barahungabana, ariko kubwiwe ngo siko vyari bikwiye kugenda.
Uwo muririmvyi avuga ko abantu bari bakwiye kumenya, ko abakozi b’Imana ari abantu nk’abandi, ariko ko bo bagiriwe Ubuntu bwo guhura na Kristo, arico gituma bo bafise uwo baririra, batagenda barabiririmba.
Dudu muri ico kiganiro na Hosy irakoze Kuri Siren Vibe, yabajijwe uburyo arengana mu bibazo, kuko abantu bamwumvise bumva ko we atacoba kikimunyeganyeza, bivanye n’intahe zumvikana mu ndirimbo ziwe.
Uwo mukozi w’Imana yavuze ko hari uburyo 3 bwo kurengana ibibazo. Kubwa Dudu ngo harimwo uburyo bw’aba Psychologue, kuko ngo kwumvirizwa, naho aba ata nyishu aba agira aguhe, ngo bifasha cane, kuko bifise amahwa bigukuramwo.
Ubundi buryo ngo n’ugusenga, kuko ngo naho uba uriko ubwira Imana, kuko nayo ikwumviriza ngo naho atari umuntu afise inyama n’amaraso, ariko iba muri twebwe.
Dudu Kandi yavuze ko hari n’uburyo bwo kwibuka ibibazo wahuye navyo muri Kahise Imana ikakuzigama. Ngo ico gihe iyo uririmba, ushima kubw’ivyo wabayemwo muri Kahise, ngo ibibazo canke umuriro ubamwo uno musi, utuma noneho ivyari kuba ibiguca intege ngo biba inguvu zituma urengana.
Yagize Ati : ” Gushima Imana kuvyo yakoze, imisi yose biguha inguvu zo kurengana ibibazo urimwo uno musi.”
Dudu Niyukuri ntiyaretse kwerekana we aho aheruka mu Gushima Imana aho ahera ku buryo we ari, ko aba ameze neza, Ari muzima, atamanitse amaguru, aronka ivyo afungura, ata wumuhagaze hejuru ngo ariko aramusohora mu nzu, n’ibindi vyinshi.
Aha mukamenya ko uwo muririmvyi akaba Kandi n’umukozi w’Imana, aheruka gusohora Indirimbo yise Ayayayayah, iyo nayo ikaba ifise iminota 10, ariko bikaba bitabujije abarenga 500,000 mu mezi 3 kuyiraba Kuri rubuga rwiwe rwa YouTube, ivyaciye biyishira mu bibanza vya mbere mu ndirimbo zakunzwe cane muri Gospel hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55