Uncategorized

Francine Niyonsaba yagirijwe kutabibona kumwe na Leta Mvyeyi

Francine niyonsaba muvyo agize imisi ashikiriza Ku rubuga rwiwe rwa Facebook, yagirijwe ko bimwe murivyo harimwo ukuvuguruza Leta mvyeyi, none abamukurikirana abamufatiye hejuru, nawe araruca ararumira.

Francine Niyonsaba ngo nahagarike, kuko ivyo Kwigisha ntivyomuhira nabandanye kwiruka, naho navyo ngo biboneka ko vyatanguye kwanka. Ukwo nikwo bamwe mu bamukurikirana bamubwiye basomye ivyo uwo munonotsi wacu yanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook.
Kuri uyu wa gatatu, uwo Munonotsi, yanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook, ko umuntu kugira ashikire iterambere, ategerezwa kwibako.
Uwo munonotsi wacu ntiyorohewe kubera ayo majambo yashikirije, kuko bamwe bamusamiye hejuru ko ivyo bintu bitabaho, ngo n’ingabire yo Kwigisha ntayo yahawe.
Uwitwa Landry yamubwiye ati :” Ingabire yo kwiruka warayihawe ntawoharira ariko iyo Kwigisha uko umuntu yoshika kw’iterambere, vyirekere tuzobariza ahandi.”
Bamwe bati uwukize yibagira iyo yavuye, bamwibukije ko aho ageze atigeze ahigeza, ngo yamenye afise uwundi muntu amufata ukuboko akamuduza.
Uwitwa lucky yamubwiye ngo :”Geza aho faransine Burya umuntu agirwa n”uwundi, ntuhave usanga uvuze ibidakenewe kubera utuntu duke woba umaze gushikako, Kandi ndizera ko hatabuze uwoba yaragufashije, naho coba ikintu gito.”
Uwo munonotsi yabwiwe Kandi ko atarusha ubwenge ba sogokuru, bamwibutsa imyibutsa imwe imwe basize baciye, nk’ubugiririgiri bugira babiri, Kandi ngo nyamwigendako atarimira impeshi.
Bamubwira Kandi aramutse avuze uko ko azoba avuguruje Leta mvyeyi yo idahengeshanya guhimiriza abantu ko bakwiye kuja hamwe ngo bakorere muma cooperative, kanatsinda ngo abaho hambere bavuze ko Umutwe umwe utigira Inama.
Abandi bo bamwibutsa neza ku gatumba iyo avuka, ko avuze uko ngo azoba avuze ko wa mu diregiteri wo mukayongozi, yamutereranye.
Uwitwa Egide niwe yabimwibukije, ati :” Baraguhenze, Directeur wa Kayongozi, ntuze uvuge ko atakugwanyeko, ivyo mwibagira icabahaye.”
Abandi bo bagiye kure bamwibutsa ko nawe nyene aho agize imisi aboneka ku kibuga c’abiruka, hadashemeye, ngo biraboneka ko bibandanije uko ashobora kubiheba.
“Ndabona nawe biriko birakugora, ugeze muba 8, ejo uzoba uwa nyuma hama ubihebe.” Vyanditswe n’uwitwa Patrick.”
Naho hari abatari bake batabonye kumwe nawe ivyo yashikirije, hari n’abandi batandukanye bavuze ko ivyo uwo munonotsi yashikirije ngo ari ukuri kudateye amazi.
Aha mukamenya ko Niyonsaba agize imisi ashikiriza amajambo akavugisha abamukurikirana, kuko igice kinini c’abagira ico babishikirizako batabinona kumwe nawe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55