Entertainmenthomepage

Les Jumeaux music bafashe iyo muri Congo Brazzaville

Tuvuze ko imiryango iriko iruguruka ku baririmvyi ntitwoba dushikuje turetse akanoti binjiza baraguruka bakabona iyo bweze inyuma ya Dama T, Vichou Love, B face ubu naho les Jumeaux music bahamagawe muri Congo ukwezi kwa Rusama na Ruheshi n’imigisha gusa

Umurwi les jumeaux music atagihindutse bazofata rutemikirere igenekerezo rya 6 Ruheshi 2023 berekeza muri Congo Brazzaville muri festival yiswe “N’Sangu Ndji Ndji yoyo ya 19″ ikazoba imisi ibiri mu bibanza bibiri bitandukanye kuri Institut Français du Congo aho hakazoba ari igenekerezo rya 9 uku kwezi nyene no kuri Espace yaro site 2 laongo igenekerezo rya 11/6/2023, bakaba batumweko na” Espace Culturel yaro”bakazogaruka igenekerezo rya 16 Ruheshi 2023.

Bakaba naronse iyo festival inyuma y’igihe gito basohoye indirimbo ihayagiza Umugabo indirimbo yafashije abagabo batari bake.

Aho ni mugihe tukirindiriye ko B Face na vichou love baganuka.

Musomyi mwiza nawe turemeranya ko amakungu amaze gutahura ivyo dukora?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722