Entertainmenthomepage

August Burundi Ubu abarizwa mw’ishirahamwe Dicobu

August Burundi kuva kw’igenekerezo rya 15 Ruheshi twatanguye tubona ku mbuga ngurukana bumenyi asa nk’uwufashe urugendo benshi bayobewe iyo yari yerekeje, bamwe bakibaza mbega yoba agana mu gihugu c’amavukiro narirya asanzwe afise isabukuru ryiwe yise “Dukunde Uburundi” igenekerezo rya 19 Myandagaro 2023 muri Arena, abandi bati oya namba hoba hakiri kare cane ntiyoza Ubu haracari igihe.

 

Munyuma yaho yarahavuye ava mu gacerere arashima ukuntu yakiriwe n’uwusanzwe arongoye ishirahamwe Dicobu Samwel Ndayiragije biboneka neza ko yari y’ishikiye muri Arizona ahari hategekanijwe Inama rukokoma ihurikiyemwo Indongozi za Dicobu, ishirahamwe ry’abarundi baba, bakarangurira imirimo yabo muri Amerika ryitaho iterambere ry’igihugu cabo.

Umuririmvyi August Burundi nawe akaba asanzwe aserukira iryo shirahamwe mu Ntara abamwo ” New Hampshire”,
Icatumye bamugomwa ngo nuko ari umwe mu basanzwe bitanga batiziganya mu kwibutsa abarundi gukunda igihugu cabo .

Iyo nama ivyihwejwe harimwo kwungura ubwenge Indongozi za Dicobu,kuraba imigambi yoshirwa Imbere,guteza Imbere abanywanyi ba Dicobu,gutegura ibiteramo rurangiranwa muri Afrika y’ubuseruko

Iryo koraniro rikaba ryamaze imisi ibiri kuva igenekerezo rya 16 gushika 18 Rusama
Ubu muriko murasoma iyi nkuru Umuririmvyi August Burundi co kimwe n’abandi bamaze gusubira mu Ntara basanzwe babamwo abitabiriye iyo nama barenga 42 Indongozi n’ivyegera vyazo

Akajambo kamwe kuri August burundi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722