Entertainmenthomepage

Aba Diaspora batanguye Kuza none batanguye kubaburira .

Ibintu birakaze, aba Diaspora batanguye Kuza mu gihugu, none abantu batanguye kubavugako cane.

Mu gihe Mow Kanzie yaheruka kubaza Kuri Twitter ngo:” Ba Diaspora VIPI? Kuberiki kutwinyegeza?” noneho abiherekezesha Twitte y’uwiyita umuhungu wa Comissaire, aho yariko avuga ko aba Diaspora batanguye Kuza ariko ngo bariko barinyegeza cane, ubu naho hajemwo ibindi.
Nkuko vy’ama buri mwaka muci aba Diaspora baraseseka, Kandi abahungukira bakaba baba abatari bake. Bamwe bakaba ari abakunzi babo, bamwe muribo baronka ibakwe ryo kugira ubugeni, abandi akaba ari abakenye canke baheranye amahera Kwa muganga, babasha rimwe na rimwe kurihirwa iryo deni, hamwe na za nkumi ziduma hampande y’aba Diaspora ngo babakureko na make muyo baba bazanye.
Umuzo w’abo barundi baba mu mahanga, buri gihe w’ama utoroha, kuko habaho utuntu dutwenza canke tuvugisha benshi, tumwe muritwo tukaba twatanguye.
Ku rubuga rwa Twitter, hariko hakwirakwizwa ishusho ry’umwigeme ariko yambikwa impeta, we akaba yarafukamye. None iryo shusho rikaba ryatanguye kuvugisha abatari bake, gusa ntiharamenyekana umu Diaspora uwariwe muri abo babiri.
Iryo shusho rero ryatanguye kwifashishwa, kuko abatari bake barihanahanye, mu kuburira abantu, ariko Kandi banavuga ko umuriro ugiye kwaka mu gisagara kuko aba Diaspora batanguye.
Ubu hakaba harindiriwe utundi tuntu, rimwe na rimwe tuba tutoroshe, kuko akenshi haba harimwo umwe mu Barundi ba hano baba bakorewe ivyo bamwe babona ko bitabereye.
Ibara riheruka kugwa rikavugwamwo umu Diaspora, akaba ari wa mwigeme aheruka kuvugwa ko aba mu gisagara ca Bujumbura bakwirakwirije amashusho yiwe ari gusa, aho yari mu gutanga arangura ya mabanga y’abakuze.

Uwundi nawe yavuzwe ni wa umugabo yakora ubukwe bw’akataraboneka mu buraruko bw’Uburundi, aruko abanje guhindura idini, ariko Kandi akaba yarafise umuryango ku mugabane wa Amerika. Ico gihe hakaba havuzwe vyinshi Kuri ubwo bugeni ngo butabonetsemwo uwo Mugabo yararongoye Umugore wa 1 akiri muto, ataye uwo bavyaranye I Mahanga.

Ubu rero abantu bakaba bashinze amatwi kubera aba Diaspora, ariko Kandi na Nelly Nat wa munyarusaku nawe akaba ari maso, kuko ariwe akunda kwararaza abatari bake muba Diaspora bakenera kugaraguza agati abo basanzwe hano mu gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722