homepage

Diamond Platnumz yavuze ku bugeni yimirije gukora Vuba

Naho atatanze ikibanza azobukoreramwo canke uko bizogenda, uwo muririmvyi w’umunyaTanzania, Diamond Platnumz yavuze ko igihe bamuhebeye ariwo musi azokorerako ubugeni.

Ubugeni bumaze igihe buvurwa ko Diamond agiye gukora, uwo muririmvyi yahavuye avuga neza neza igihe yiteze gukorera ubwo bugeni n’umwigeme mushasha bagize igihe basohokana, Tanasha.

Yishura umuntu yariko aramubaza ku rubuga rwa Instagram, Diamond Platnumz yavuze ko yiteze cane ubugeni bwiwe azokora mu mwaka uza, ubwo akazobukorana n’uwo mwigeme.

Igenekerezo yashikirije akaba ari igenekerezo rya 14/2/2019, uwo musi akaba ari nawe musi Zari yashikiriza ko yafashe ingingo yo guhagarika ubucuti bari bafitanye, bwanavuyemwo abana babiri.

Mukibuka ko hari hagize igihe havurwa ko hari uwundi mwigeme umuryango wiwe woba uriko urategura wigisha ivy’idini ry’iki Islam ngo bikunde baze bagire ubugeni. Uno mwaka kandi akaba ariwo uwo muririmvyi yari yamenyeshejemwo ko azogiriramwo ubugeni.  

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686