homepage

Kidum ngo n’incuti y’uwavuze ko Meddy bazomumesa I Bujumbura

Kidum yemeye kuzovuga uwuri inyuma y’ugushaka guhomvya ibiteramo birimwo iciwe nivya Meddy, mu kuvuga ko Meddy bazomumesa niyagera I Bujumbura.

Uwavuze ko Meddy bazomwicira I Bujumbura ngo nta kindi yaragamije Atari ugushaka guhomvya ibiteramo bibiri, ica Meddy I Bujumbura hamwe n’ica Kidum mu Rwanda. Ivyo kidum akaba yabishikirije kuri uyu wa 20 kigarama mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru aho yashika I Kigali.

Uwabikoze Kidum yavuze ko ari incuti nawe, n’umuryango wiwe ngo arawuzi, aba I Burayi kandi ari n’umugabo, ariko akavuga ko harimwo n’abari I Bujumbura babirimwo bipfuza kwambika iceyi leta ya Bujumbura ko yoba ibiri inyuma. Ntiyabashije kuvuga uwariwe kuko ngo hataragera ko abishikiriza, uretse ko avuga ko hazogera igihe azomushikiriza.  

Kidum akaba yaciye agirako ahumuriza abanyarwanda ko ata kibazo gihari, ngo n’abafise akanya n’uburyo nabo bazomuherekeze I Bujumbura mu giteramo. Aho akavuga ko nawe nyene akanya kabonetse ata nkeka yokubitira I Bujumbura gushigikira Meddy muri ico giteramo.

Kidum akaba abishikirije mu gihe nawe nyene igiteramo ciwe hari abatari bake bahamagarira abandi kutacitabira I Kigali. Nkuko izo nyandiko ziboneka ku mbuga ngurukanabumenyi ngo bamuhora ko ashigikiye intwaro ya Bujumbura.

Rikaba ritari rimwe abantu bahamagarira abandi kutitabira ibiteramo vya Kidum, ariko ubuho we akavuga ko uko bigenda kwose igiteramo agikora vyanka bikunda, noneho agakangurira abanyarwanda gusidukana n’iyonka.   

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686