homepage

Imana yabikoze Big Fizzo ararusimba

Imana yakinze ukuboko, Big Fizzo aracari muzima, naho yababaye ariko atari ivya cane. Akaba yarusimvye aho yaiko yerekeza mu giteramo hagati mu gihugu.

Mugani Desire benshi bazi nka Big Fizzo yakoze isanganya kuri uyu musi wa 5 aho yariko yerekeza mu ntara ya Ngozi. Ariko Imana ikaba yakinze uwo muririmvyi hamwe n’abo bari barikumwe bakaba batababaye cane.

Big fizzo akaba akaba ataragira ico ashikiriza ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha, ariko akaba yahumurije abasanzwe bahurikiye muco bise Triple F Family, Fariouz Fans Family, aho yababwiye ko akiri muzima kandi agihema impwemu z’abazima.

Amashusho yakwirakwijwe hirya no hino gushika izi saha, akaba aterekana Big Fizzo ariko akaba yerekana imodoka ya bivurwa ko barimwo yahindukiye mw’ibarabara.

Ivyo bikaba bimushikiye mu gihe yarafise igiteramo kuri uyu wa 28 kigarama muri iyo ntara nyene, Big Fizzo na bagenziwe bakaba bokoranye na Bruce Melodie muri ico giteramo, ariko akaba atabashije kuza, ariko bo bashima kubandanya igikorwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686