homepage

Rurambikanye hagati y’Abarundi n’abanyarwanda kubera Meddy

Ata mpuhwe na nkeya zigiyemwo, abarundi n’abanyarwanda barakuranye agahuzu kubera ihagarikwa ry’Urugendo Meddy yarafise I Bujumbura.

Umuriro uracaka ku rubuga rwa Instagram rwa Meddy mu gice ca Comment c’I foto yashizeko aho amenyesha ko atazokwerekeza I Bujumbura mu giteramo.

Muri ico gice, Abarundi n’abanyarwanda batanguye badahuriza kw’ifatiro ry’ubwoba bwa Meddy, bamwe bakemeza ko ari igitutu kitari ciza muri Politique hagati y’ivyo bihugu coba cabitumye, bakabona ko abanyepolitique binjije umutwe aho batari batumiwe. Abarundi bakaba bahagarara ko igihugu ari nyabagendwa, ariko abanyarwadna bakibukiriza ivyashikiye Kidum mu myaka yahera, bakabona ko Meddy ico yakoze ari ciza cane.

Ntibagarukiye ngaho kuko gushika twandike ino nkuru abarundi n’abanyarwanda baracashamiranye kuko bageze kwitana amazina agoye isubiramwo, eka bamwe bakaba banatuka bagenzi babo bakabita abasazi. Ariko bose bakabandanya bahagarara ku mpande z’ibihugu vyabo.

Ukwo gushamirana kukaba gushitse mu gihe Meddy yamenyesheje ko atacerekeje I Bujumbura mu biteramo yarahafise. Aho n’inyuma y’umwanya muto abwiye abamenyeshamakuru ku kibuga c’indege I Kanombe mu gisagara ca Kigali ko azerekeza I Bujumbura muri ivyo biteramo ngo kiretse hari igihindutse.

Inyuma y’umwanya muto akaba yahavuye ahindura ico ciyumviro avuga ko afise ubwoba ku mutekano wiwe, akavuga ko nka hamwe agiye adatekanye ngo atokora akazi kiwe neza.

Aho mukamenya ko I Bujumbura vyavuzwe ko abaririmvyi Meddy na Bruce Melody boba bahamagawe n’Igipolisi I Kigali, naho hatavuzwe ico babajijwe, ariko iyo nkuru mu binyamakuru vy’I Kigali tukaba tutabashije kubona aho yoba yarabonetse.  

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686