homepagesociete

Abakozi b’ikigo cegeranya amaraso basaba gutunganirizwa

Mukugaragaza akababaro kabo ,abakozi b’ikigo c’igihugu kijejwe kwegeranya no gutororokanya amaraso CNTS bahagaritse imirimo yabo kuri uyu wa 08 Mukakaro  basaba kuronswa imishahara y’amezi 2 bataronkejwe hamwe n’uburusho.

Abo bakozi b’ikigo c’igihugu kijejwe  gutororokanya no kwegeranya amaraso CNTS bahagaritse akazi kuri uyu wa mbere (08/07/2024), basigura ko bataronse agahembo kabo k’amezi abiri ukw’agatanu n’ukw’agatandatu uyu mwaka nk’uko bivugwa n’umwe mu baserukira abandi bakozi Donatien Nzosaba.

Amenyesha ko ukudahembwa kwabo vyavuye ku baganga batatu b’ico kigo bavuze ko uburusho baronse butajanye n’ivyo bategerezwa kuronswa gutyo basaba umurwi wo mu biro vy’ubushikiranganji bwa mbere gusubiramwo kubuharura, ivyatumye imishahara y’abakozi bose bico kigo ihagarikwa.Donatien Nzosaba akavuga ko ubu abo bakozi babayeho mu buzima butoroshe.

Bose bagasaba ko ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu hamwe n’ubujejwe ubutunzi bwobaronsa agahembo kabo k’amezi abiri hamwe n’uburusho bw’akazi bemerewe.

Abakozi barenga ijana b’ikigo c’igihugu kijejwe kwegeranya amaraso bahagaritse akazi kuri uyu wa mbere inyuma y’ukugabisha mu kiringo c’indwi 3 ziheze ko bazohagarika akazi batarenganuwe. Ubuyobozi bukuru bw’ico kigo busigura ko ku rwego rwabo rwakoze ivyo busabwa, yamara bwemeza ko buriko burakurikirana ico kibazo mu bushikiranganji bujejwe ikigega ca reta naho budatanga isango yaho ikibazo cabo bakozi kizodadanurwa.

Inkuru yanditswe na Clairia Kankundiye

What's your reaction?

Related Posts

1 of 687