Entertainment

Abaririmvyi b’abarundi bagiye guhura murukino rw’amaguru n’aba metis

Dusanzwe tuzi ko umuziki na Sport bijana, ndetse no mu baririmvyi harabo usanga bafise impano zibiri kuririmba no gukina umupira na cane uw’amaguru [footbal].

Yamara ivyo gukina umupira bisaba kwama mu myimenyerezo kuruhande rw ‘abaririmvyi naho murazi ko umwanya mu nini bawumara muri Studio
Nubwo bir’uko ubutumire buvuye mw’ishirahamwe ry’abafise umwe mu ba vyeyi bamuka mu mahanga bakunze kwita aba metis bamaze kuburonka , barashaka urukino ruzobahuza n’abaririmvyi ,ubwo butumire bukaba bumaze gushika mw,ishirahamwe ry’abaririmvyi[Amical des musicien]
Urwo rukino rukaba rutegekanijwe igenekerezo rya 1 gitugutu 2022 ku kibuga kiri mu ngagara [centre technique] isaha 4 zo mugatondo kwinjira akaba ari ku buntu.
Nubwo hari abaririmvyi basanzwe batari mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi ku mvo zuko kugira witwe umunywanyi w’ishirahamwe utegerezwa kuba utanga intererano iyo mvo gutumira abaririmvyi bandi muri urwo rukino.
Tugerageje kuraba ingene biteguriye urwo rukino urabona ko imyimenyerezo bayirembeje abaririmvyi nka Mkombozi,Masterland,Bizzo Uwezo,Romeo,Jadix,…. n’abandi bakazoboneka hageze.
Ni urukino rutari urwo gusiba, kugira dushigikire abaririmvyi bacu twongere tunabone iyindi mpano bafise.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 331