DiasporaDiaspora Organizationsdiaspora youthkirundi

Ng’izi impinduka zabaye mu buserukizi bwa diaspora.

Inyuma yo kwemererwa gukora nk’ishirahamwe ridaharanira inyungu za Politique Diaspora Burundaise (DB),haciye hihutirwa kwiyubaka gushasha.

Mu nama yahuje umuserukizi wa diaspora ndundi kw’isi Eric Niragira hamwe n’abaserukira abarundi mu bihugu bitandukanye babamwo, yabaye kw’igenekerezo rya 25 Nyakanga 2022 haratowe imigambi igiye kwihutirwa ndetse hagenwa n’izindi ndongozi.

Ingingo zishasha akaba ari izi zikurikira: Kuva DB ihawe uburengazira na leta y’Uburundi bwo gukora nk’ishirahamwe ridaharanira inyungu za Politique umunywanyi wese azogira ikarata imuranga kandi akozoyironswa abanje gutanga intererano y’ama dolari y’abanyamerika 50 azoza aratangwa buri mwaka.
Willy Ndabaniwe akaba ariwe yajejwe Ku menyeshamakuru, itumatumanako n’ivy’ubuhinga ngurukanabumenyi.
Urubugu rukuru rwo kumenyashamakuru (site web ) rukaba rwahawe Jean Pierre Niyibaruta abarizwa muri Australie.
Samuel Ndayiragije wo Ku mugabane wa America akaba yagizwe umuvugizi w’abaserukira abarundi mu bihugu babamwo (OPs).
Igisata c’Urwaruka, imico n’akaranga naco nyene kikaba kitibagiwe.
Bright Ntirabampa niwe akiramutswa, agafashanya ayo mabanga n’icegera ciwe Olivier Hagera.
Muco w’intore Évrard akaba yagizwe umunyambanga.
Muri ico gisata hakaba yashizemwo abigeme nka Émilienne Yop, Cécile Bayubahe,Gloria Dusenge na Fikiria Barnabe.

Igisata kindi cabayemwo impinduka akaba ari ikijejwe imigambi kikazoba kiramutswa Merchiad Bankuwiha, akazofashanya n’umupfasoni Odette Nisabwe nk’icegera ciwe.
Egide Hakizimama yagizwe umunyambanga, Siméon Nkunzumwami, Didace Balusasiyeko na Émile Nimibona bakaba bazofashanya n’izo ndongozi.

Mwomenya ko muri iyo nama Umugambi w’uburimyi n’ubworozi vya kijambere, i Banki y’aba diaspora,ariyo migambi yashizwe imbere yokwihutirwa ndetse abaserukiye abandi mu bihugu abarundi babamwo bakaba bihaye ikiringo c’amezi atatu bazobe bamaze kuyisigurira abanywanyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 469