Uncategorized

Abarundi I Kigali basubiriye kuryoherwa abantu muma Karaoke

Mu gihe I Kigali ibintu bisa n’ibiriko birasubira mu buryo, ububare bwasubiriye Kandi kwugururwa, aho n’ama karaoke amwe amwe yamaze gutangura gukora.

Imbere ya Corona abatari bake bahora bakora ama Karaoke Kandi bakunzwe I Kigali, bari abarundi, ubu bamwe baramaze gutaha. Ariko abasigayeyo batanguye gusubira Kandi gukora.

Kuri uyu w’Imana, Christian Ninteretse akaba ariwe yariko arakora Karaoke ahitwa kuri Fuchia, hakunzwe kwitwa kwa Jules.

Christian akaba atariwe murundi wenyene yariko araryohera abari ngaho, kuko na Dj IRA wa murundikazi w’umu Dj agize igihe abica bigacika I Kigali, nawe yarikumwe na Christian.

Mwomenya ko ubu I Kigali ibikorwa bimaze kwemera gukora, birimwo utubare, ama Karaoke, ama Piscine n’ibindi, vyemewe gukora guhera isaha cumi z’igitondo (4AM) gushika isaha 5 z’ijoro(11PM).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55