BurundihomepageIKIRUNDI_newsPolitique

Abashingamateka 87 baryemeje nayo 26 bararihakana

Inama Nshingamateka yakoranye kuri uyu wa kane igenekerezo rya 20 Rusama 2021 kugira yige itegeko risubirabiramwo itegeko inomero 1/06 ryo kuwa 10 Ntwarante 2020 riha ikidari Umukuru w’igihugu Umuhisi Petero Nkurunziza c’imboneza  mu gukunda no mugukundisha igihugu.

Umushikiranganji w’ubutungane Jeanine Nibizi amenyesha ko icatumye basubiramwo iryo tegeko ari uko hari ingingo muri iryo tegeko  zitagishoboka kuko atakiriho.

Avuga nk’ingingo ya 4 igena umunsi w’igihugu wahariwe iyo ntwari ivuga ko uhagararirwa n’uwo muhisi nyene.

Ikindi ni uko iryo tegeko rigena ihimbazwa ry’uwo munsi mu kwezi kwa Mukakaro, umushikiranganji Jeanine Nibizi asigura ko biyumviriye ko uwo musi wohimbazwa mu kwezi kwa Ruheshi bigahurirana n’umusi yitabiyeko Imana.

Iryo tegeko rikaba ryatowe n’abashingamateka 87, ni ukuvuga ibice 76,9 kw’ijana nayo abashingamateka 26 bararihakana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717