Entertainmentkirundi

Akamo ka Big Fizzo kuri Se Barundi n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura

Nyuma y’impari zimaze igihe kitari gito hagati y’abaririmvyi n’aba deejayz (Dj)b’abarundi , abaririmvyi bagira bati aba Dj nibo batuma umuziki ndundi udatera imbere kuko bama bavuza kenshi imiziki y’abanyampahanga kuruta uko bavuza imiziki ndundi.

Ivyo bagirizwa nabo bakaba bavyamirira kure kuko ngo bavuza imiziki yose nayo ngo ikibazo co kudatera imbere abaririmvyi bagifisemwo uruhara rukomeye kuko basohora imiziki isa niyo baba basanganywe kandi ngo igikorwa ciza nico cigura.

Mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 15 nyakanga ,imbere y’isinzi ry’abarundi bari baje gushigikira urumuri rw’amahoro, umuririmvyi Mugani Désiré azwi kw’izina rya Big Fizzo yasavye Umukuru w’igihugu n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura ko botanga itegeko ku ba deejayz n’abarongoye inzu z’ubunywero n’iz’ubutambiro kuvuza umuziki ndundi kuko ngo ukudakunda umuziki wacu n’ivyo bituma udatera imbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 550