BurundiCooperationhomepageIKIRUNDI_newsPolitique

“Amatora yose azoba mu Burundi, uburyo buzova mu banyagihugu, nta kuzera inze”

Bishikirizwa n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu n’ugufashanya mw’iterambere.

Ambassadeur Albert Shingiro yabishikirije mw’ijambo ryo gusozera ibirori vyo vy’inama igira 51 y’abashikiranganji ba ONU bajejwe ibibazo vy’umutekano mu karere ka Afrika yo hagati yariko ibera i Bujumbura kuva kuwa 24 gushika kuwa 28 Rusama 2021.

Yamenyesheje ko amatora yose azokurikira mu Burundi azotegurwa hongere hifashishwe uburyo bwo hagati mu gihugu, ivyo kuzera inze bikaba vyarahaze nk’uko yabandanije abishikiriza.

Ivyo akaba yabivuze yisunze ko  ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere vyama bihura n’ibibazo vyo gutegura amatora , bimwe mw’ivyo bihugu bikaba vyama bihabwa imfashanyo ivuye hanze kubera amatora atwara uburyo bwinshi.

Uburundi bukaba bwarafashijwe gushika mu mwaka w’2015 aho ibihugu vyahora bifasha vyahagarika imfashanyo yo gutegura amatora ariko uburyo bukaba bwarabonetse , amatora akorwa neza . Imfashanyo zo hanze y’igihugu zikaba zizoza gufasha gusa muri wa mugambi wa Reta w’iterambere kandi vyose bikazokorwa mu mwumvikano worohereza kandi ugaha iteka  impande zose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721