Uncategorized

Ba “kaboko” ngo bigiye kubakomerana!

Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano hamwe n’iterambere ry’abanyagihu.

Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu Gihugu, umutekano hamwe n’iterambere ridakumira, umushingantahe Gervais NDIRAKOBUCA yaraye akuriye inkoni ku gishitsi abakozi ba leta bafashwe n’akarwara k’ukudatungwa n’umushahara Igihugu kibahemba maze bagashaka guhazwa n’akaboko karekare k’ukurya ibiturire.

Ego koko na kare , ababikora bahora babikora kandi ababatwara bama babibabujije yamara uwumvirije imvugo uwo Mushikiranganji yakoresheje araheza akumva y’uko azanye inguvu zikomeye z’uguhigura na bene ako karwara, akoresheje amategeko uruhojojo asanzwe ategekanijwe mu guhana abakoze ico caha naho nyene ayo mategeko vyasa nk’uko ari ibikanganyoni ku bafise mwene  ako kageso.

Hejuru y’ayo mategeko rero, uwo mushikiranganji, arabemerera ubwiwe ko uwuzofatwa maze agakubitwa Intahe mu gahanga , we nyene ngo anazomwiherekereza maze agashirwa ari uko abonye “ashitseyo”.!

Mu kiringo, uwo Mushikiranganji yobikora uko nyene yabishikirije nk’uko abatari bake babimwizeyeko, Igihugu cacu rero coheza kikahatorera akoyoko, biciye mw’ibomboka ry’ikigega ca Leta cahora gisahurwa n’abantu bamwe bamwe badahazwa n’ivyo bagaburiwe n’umuvyeyi Leta kubera uburebure be n’ubwaguke bw’inda zabo.

Hari abaca umugani ngo” n’umusazi aratinya Nyina”. Uwoba yumvise vy’ukuri uko uwo mushikiranganji yahagurukiye ico caha (gisahura , eka mbere kikanasuzuguza n’abagikora) maze agaheza kandi akumva aracukije kandi agatima k’ugusubira kurehura ukuboko mu mifuko irengeye umushara ahembwa, bisa nk’uko yoba aseye nk’uwihevye.

Twizeye, kuva ubu, n’uwuzorota ariko adya igiturire, agiye guca yivyukiranya aho akitse umusaya akumva ko araziranye agaheza agaca avuga ati” i muso”!

Twokwibutsa ko ibi yabishikirije ejo hahise aho yari asanzwe yahuye n’abakozi barongoye abandi mu bushikiranganji arongoye.

Ido n’ido ni aha musi 👇👇👇

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55