Uncategorized

Ba Sokuru bati : ”Uwuza kwumva arumviriza!”

Isanamu ngereranyo y’uwuriko aratega amatwi

Ngo niduhindure ibikono bishaje, Imana isukemwo umuvinyu mushasha!

Ibicu biragabirije hejuru y’Igihugu cacu. Bihegekeye ibikombe vyuzuye umuvinyu mushasha. Birindiriye ko dutegekanya ibikono vyacu , tugahindura ibikono bishaje vyuzuye imisengesenge ya kahise katatuguye neza , maze gutyo Imana iheza itwuzuriz ” umuvinyu w’ubuntu” nya ” buntu”, bumwe buzodutera kwumva ko umuntu wese, mu buntu bwiwe, ari mwene wacu, muri iyo kameremere nyene duhuriyeko na cane cane umuntu w’umurundi( kuko mu bihe bigiye kuzoza Umurundi wese aho azoba ari hose azobona ko ukuba ‘umurundi” atari iteka ryatewe bose)

Ubwo buntu rero nibwo buzoheza bukatubera nk’urupapuro rw’inzira mu kwinjira muri ca Gihugu Imana yemerera ba Sokuru ba bacu, Igihugu c’isezerano, igihugu c’amata n’ubuki,

Dusabwe iki?

Ibintu bisanzwe!

Hatarinze kurabwa ikintu na kimwe mu bijanye n’amadini canke n’ibindi, umuntu wese yemera ko Imana ibaho , yoheza akagerageza kuza arazirikana zaburi zibiri iya 15  hamwe n’iya 37( Psaumes  15 et 37 de la bible).

Umenye ko igihe cose uzoba uriko usoma izo zaburi, azoba aribwo buryo bw’uguhindura ibikona bishaje. Wibuke kandi ko, umuntu atarekurira uwamugiriye nabi kubera ko aba abikwiye( nyene kumugirira nabi) ahubwo ukurekurira uwakugiriye nabi ni uburyo bw’ukwiha amahoro mu mutima wawe nyene. Ni ku neza yawe, kuko uwo uboshe nawe aba akuboshe mu buryo bw’impwemu. Ayo majambo y’Imana azobigufasha.

Uzoba uhiriwe niwasoma ayo majambo y’Imana ugaheza ukayangendera mu buzima bwiwe bwose, kuko uzoba ufashe urugendo ruzogushikana mu gihugu c’isezerano.

Fata akanya wumvirize neza mu miyaga. Vyose birimwo!

 

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55