homepagesociete

Bahisemwo guhingura ivyo bashora kugira bahangane n’ubukene bw’amafaranga mvamakungu

Abanyezi bakora urudandazwa ndengambi mu ntara ya Muyinga bemeza ko ubu bariko biyungunganya mu guhingura bimwe mu bidandazwa nko guhingura amasabuni kugira baronke ivyo bashora hanze hanyuma bashobore kuza baranguye ivyo basanzwe badandaza.

Abo bakenyezi bakora uradandazwa ndengabibe bo k’umurwa mukuru w’intara ya Muyinga bashikiriza ko kubera ubukene bw’amafaranga bikorako bahisemwo kugira umugambi wogihungura bimwe mu bidandazwa kugira baheze bagende kurangura bafise ico bashoye gutyo baheze baze baranguye nk’uko bivugwa na Josiane Nzeyimana.

Umupfasoni Amisi Ntakirutimana,asanga ariko n’ubwo biruko hari igihe abo bakenyezi batoroherwa iyo bageze k’umupaka .Aha bagasaba gushigikirwa .

Uburongozi bw’intara ya Muyinga buratera intege abo bakenyezi, Denise Ndaruhekere Umuyobozi mwishikira mu biro kwa Buramatari wa Muyinga, asaba abo bakenyezi kutadebukirwa hanyuma bagakomeza kurondera ubumenyi.

Denise Ndaruhekere asaba kandi Abo bakenyezi bakora urudandazwa ndengabibe kwitwararika gukora mu muco bakirinda  gukora urudanzwa rwo mukinywabi .

Imwe mu migambi iriko irarangurwa n’abo bakenyezi bo k’umurwa mukuru w’intara ya Muyinga bakora urudandazwa ndengabibe kugira bahangane n’ubukene bw’amafaranga mva makungu hakaba harimwo guhingura amasabuni ari nayo aheza agashorwa k’umasoko atandukanye yo mukarere ka Afrika y’ubuseruko aho basanzwe baja kurangura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 687