homepagesociete

Bamwe mubakinyi bagiye kugira ico bakoze kugira ico bakoze kugira bagarukire kubahuye n’imyuzurira ivuye kwiduga ry’ikiyaga Tanganyika

N’urukino rwatunganijwe n’abakinyi b’abarundi bakina mu bindi bihugu, nk’uko bishikirizwa n’umwe muri bo n’uko intumbero ari ukugira bagarukira k’umiryango yahuye n’ingorane ziturutse kwituda ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika,urwo narwo rutegekanijwe mu mpera zino ndwi.

Kizigenza w’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba Saido Ntibazonkiza arikumwe n’abandi bakinyi nka Ndayishimiye Youssouf batazira Nyange bagiye guhurira mu kibuga mu rukino rwo gufasha abahitanwe n’amazi y’ikiyaga ca Tanganyika ku kibuga Urunani mu ntara Ya Cibitoke kw’igenegerezo rya 23 Ruheshi igihe c’isaha umunani z’umuhingamo, Umumenyereza azoba ariko aramenyereza umugwi bise Team Nyange azoba ari Alain Olivier Niyungeko batazora Mutombola mu gihe umugwi bise Team Saido azoba ari Sahabo Parris.

Mu majambo ya kizigenza w’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba Saido ntibazonkiza agira ati:”Nyange ntiyangoye kuko ni nk’umwana wanje kandi nawe kenshi yama amfasha ku giti ciwe. Twebwe akazi kacu ni ugukina umupira ikindi  dutegerezwa gufasha dukoresheje amaguru yacu kuko na twebwe n’Imana yatugiriye ubuntu n’iyo yaduhaye ingabirano. Mu gifaransa bavuga bati “l’union fait la force” natwe twagiye hamwe kugira dufashe vyinshi.”

Ndayishimiye Youssouf batazira Nyange ntiyatinye kuvuga ko Saido Ntibazonkiza ko ari nka Se wiwe mu mupira w’amaguru,agira ati:”Ndashimiye mukuru wanje Saido kubera igihe yampa iciyumviro co gufasha abantu, nasanze ari ikintu ciza kubera nanje nzi ubuzima nakuriyemwo. Uyu munsi hariho abantu bariko baraca mu bibazo. Twebwe si novuga ko dufise ubuzima bwiza ariko turashimira Imana kuvyo yaduhaye kandi tukipfuza gusangira n’abandi ivyo Imana yaduhaye ”

Sahabo Parris azoba ariko aramenyereza Team Saido we arishimira abakinyi afise akanavugako azokwitwara neza muri urwo rukino ati” Ndavye abakinyi mfise nkaraba n’ukuntu k’urundi ruhanda bitunganije ndabona ko bitameze neza kuko nta muganga ahari. Abantu bose bazoba bari inyuma Team Saido muzoze mwiteze instinzi”

Alain Olivier Niyungeko Nawe nyene arishimira abakinyi afise muri Team Nyange akavugako bamaze imisi bariko barakora imyiteguro ihagije, Niyungeko agira ati:Urukino twaruteguye neza, tumaze imisi mu myiteguro ikomeye, benshi bavuga ngo n’urukino rworoshe ariko tuzomangurana, hazotsinda umugwi witeguye neza.”

Abo bakinyi b’abarundi bakina mu mahanga bashikiriza ko ico gikorwa kibaye ku ncuro igira kabiri kizobandanya no muyindi myaka izokurikira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 687