Uncategorized

BDUSA: Bimwe mu vyashikirijwe n’uburongozi bw’ishirahamwe ry’abarundi baba muri Amerika

 

Umushingantahe NDAYIRAGIJE Sammuel arongoye ishirahamwe BDUSA rihurikiyemwo abarundi baba muri Reta zunzubumwe.

Mu kiganiro cabaye ku musi wa gatandatu uheze, uwusanzwe arongoye ishirahamwe Bdi Usa ,umushinganyatahe Samuel Ndayiragije arikumwe n’ abagize comité nshingwabikorwa harimwo icegera ciwe Maitre Gahungu Raphael be n’andi bajejwe ibisata binyuranye barashoboye gutanga umucu ku bibabazo binyuranye vyagiye birashikirizwa n’abanywani b’iryo shirahamwe n’abo akaba ari abarundi baba muri Reta zunzubumwe za America.

Uwo muyobozi Samuel yabanje kwibutsa ko ico kiganiro gifise intumbero nyamukuru y’ugutanga umuco kuri ico cose coba kibakiye abanywanyi eka mbere n’uwundi wese n’aho atoba umunywanyi yamara akeneye umuco mu bijanye n’uburongozi hamwe n’ibikorwa iryo shirahamwe ryiyemeje kurangura hamwe n’intumbero nyamukuru iryo shirahamwe ryiyemeje gushikako,

Mu majambo avunaguye dushatse kugarukako n’uko ubuyobozi bwa BDIUSA bwamenyeshe ko intumbero nyamukuru y’iryo shirahamwe ari wa mutima nyene w’ugushira hamwe nkuko nyene n’abasokuru bayamaze Bati ubugirigiri bugira babiri canke bati “inyakamwe inyaga imwe”.

Mu nsiguro zinyuranye batanga birumvikana yuko intumbero ar’uko abarundi bose baba muri Amerika maze bosenyera ku mugozi umwe , gutyo bikabaha inkomezi nyabuna z’ukwivuna ingorane zohavuye ziba amahanga mu kiringo umwe wese yoguma ari nyamwigendako kumwe nyene na ba Sokuru bayamara bati “nyamwigendako ntarimira impeshi”

Nayo ku kibazo kijanye n’uko hoba harabaye amatati anyuranye mu bahoze muri ubwo burongozi yamara bakaba barataramuwe  batanswe  maze kugira nyabuna inyungu z’iryo shirahamwe zihagararirwe bikwiye, umuyobozi Samuel Ndayiragije yaramesheje ko vy’ukuri amatati yabaye yamara ati nta muti wishe ibere kuko muri kino kiringo ibintu vyamaze kuja mu buryo naho umwikomo w’abataramuwe wowo kumbure utobura.

Yarongeye aramenyesha ko we nyene yifatanije n’abo barikumwe biteguye bikwiye guhangana nico cose canke uwo wese  yoza ari rwankabiyago, akabuza ko abonse rimwe baja hamwe  kubera gusa imvo z’ugushira imbere inyungu ziwe.

Ivyo ni bimwe mu bitari bike vyavugiwe muri ico kiganiro ,maze mu kurindira ko haba ikindi kuri uyu musi wa gatandatu tukaba tuzoza turagaruka mu bindi vyahavugiwe mw’ido n’ido   vyaba ibibazo bikeneye umuco canke mbere n’ayandi makenga ariyo madidane bano canke bariya mu bashoboye kwakura bashikirije.

Twokwibutsa ko ico kiganiro kizokwama kiba giciye kuri Radio indundi ikorera ku buryo bw’ingurukanabumenyi muri musi wa gatandatu, maze ababaye hafi bakaba boheza bakaza baragikurikirana na none Abasokuru barayama bati ” Inkuru mbarirano isumbwo n’iyo wiyumviye”
Muze mwamizeko ugutwi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55