Environementhomepage

Bimwe mu bikoko vyarabangamiwe n’imyuzurira mu ruhongore kama rwa Rusizi

Kuva habaye imyuzurira mu mpera z’umwaka wa 2021 ,igice kitari gito giherereye mu zone Gatumba carakozweko bimwe mu binyabuzima birapfa ibindi birahunga .Abasanzwe baba muri ico gice bemeza ko ari uruhombo runini kugihugu .

Igice c’uruhongore kama rwa Rusizi cakozweko n’imyuzurira mbere kiranabangamirwa kurusha ,giherereye k’uruhande rwa Zone Gatumba muri komine Mutimbuzi y’intara ya Bujumbura.Ababa mu micungararo yaho bemeza ko kuva iyo myuzurira ivuye k’uruzi Rusizi yadutse ,bimwe mu binyabuzima vyabangamiwe ,aha bakavuga nk’ibikoko bimwe vyapfuye ibindi birahunga .Uyu munyagihugu agira ati :”Impongo ,inzobe,inzoka ibihirwe, vyose vyarahunze ,bimwe twasanga vyapfuye hari n’ivyo twasanga vyariwe n’imbwa .”

Abo banyagatumba bemeza ko ari uruhombo runini ku gihugu kuko na rumwe mu rwaruka ruzokura rutazi ko ivyo bikoko vyahigeze ,mbere n’ingenzi ntizibe zikiza kuratira ijisho .Ubu bemeza ko kubera Ayo mazi nta n’uwugishobora gushikayo.

Uwusanzwe aramutswa zone Gatumba Jean Muyoboke aremeza ko ari agahombo kanini akavuga ko urwo ruhongore rwari rukwiye gukingirwa l’uburyo  anho hokwaduka kandi imyuzurira rutobangamirwa .Muyoboke ariko akavuga ko hari ibigiye gukorwa kugira urwo ruhongore kama rukingirwe .

Murivyo umukuru wa zone Gatumba avuga ibijanye no gusanura uruzitiro hamwe no gusanura amazu yononywe n’ayo mazi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686