homepage

Chameleon azokwakirwa n’abaririmvyi b’abarundi muri Phoenix kuri Saint Valentin

Dr Jose Chameleon buca yakirwa muri Phoenix nabaririmvyi b’abarundi ku musi wo guhimbaza umusi wahariwe abakundana.

Igenekerezo rya 16 ruhuhuma umuririmvyi Dr Jose Chameleon azoba abarizwa muri Arizona, aho azoba yitabiriye igiteramo co guhimbaza umusi mukuru wabakundana usanzwe uhimbazwa igenekerezo rya 14 ruhuhuma.

Amakuru dukesha bamwe mu begereye abariko bategura ico giteramo avuga ko uwo muririmvyi atazoba ari wenyene kuko hari abazomwakira muri ico giteramo. Mubo bazosangira Stage muri ico giteramo hakaba habonekamwo abaririmvyi 2 b’abarundi.

Don Brighter na Babbi bakaba ari abaririmvyi bari mu bazokwakira Chameleon muri ico giteramo, abo nabo bakaba ari bamwe mu baririmvyi ndundi bavyifatamwo neza muri ako gace ka amerika kuko ari naho basanzwe baba.

Mu gihe ata kandi karirimbo bosohora muri ino misi ico giteramo kikazoba gisanze Babbi amaze amezi 4 asohoye akaririmbo kiwe ka nyuma yise By Your Side, nayo Don Brighter nawe akaba aheruka gusohora akaririmbo yise Go down yakoranye n’umurwi Blackstarx haraheze amezi 3.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671