Uncategorized

Diamond Platnumz niwe yatumye Mista Champagne akurikira Kajala

Mista Champagne ngo Diamond Platnumz niwe yabaye imbarutso y’uwo muririmvyi kugira abashe kuvuga Kuri Kajala, kuko yaramukanguye ngo arondere uburyo ashika muri Tanzania.

Bwabundi rya bomborabombora rya Mista Champagne na Kajala, ryavuye kuri bimwe Diamond yuvuga, aho yavuga ko abarundi umuziki utabasha gushika muri Tanzania.
Mista Champagne akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, yagarutse Kuri ya Ndirimbo yaririmbira Kajala, avuga ko inyendamuvano, ngo n’ivyo umuririmvyi Diamond yavuze.
Kubwiwe ngo Diamond ntiyatukanye, ahubwo ico yashatse ngo kwari ugukangura abarundi kugira bave mw’itiro, ariko ngo hari bamwe baciye babifata nabi, babishiramwo inzigo, ariko ngo we yabibonyemwo akaryo ko kwiteza imbere.
Uwo muririmvyi yavuze ko ata na kimwe cigera coroha, ngo abavuga bama bavuga, ariko ikiba gikomeye ngo n’ugutera iyo ntambwe kugira ubashe gushika kure gusumba.
Naho Indirimbo yiwe yabashije gushika mu ndirimbo 100 zakunzwe muri Tanzania, bamwe mu bamukurikirana bavuze ko ivyo ari ibisanzwe kuko Top100 Ari ivya kera, ubu ngo ntibigezweho.
Abandi n’abo bava muri Congo bakaba bavuze ko kuva Big Fizzo atagisohora Indirimbo ngo zibashikire, uwo muririmvyi Mista Champagne ngo niwe yabaye umuririmvyi atumye umuziki w’abarundi ugaruka kwumvikana muri Congo.
Abandi bamwipfuriza Gutera imbere, kuko ngo igihe Imana yamuha gutangura gukora Indirimbo, ngo siho bari bari kugira babiganireko, ngo ntibizokwama vyoroshe, ariko bizotinda bikunda ashike kure, kuko buri kintu kigira igihe caco.
Mista Champagne Kandi yashizwe hejuru ya Sat-b kubera ngo Indirimbo ziwe zitarabasha Gutera intambwe, ariko ngo yabonye FOTO yiwe Kuri Bajaj muri Tanzania, ngo aca abona ko ibintu yabirangije.
Ibi bikaba bibaye mu gihe agitangura kuvuga cane Kuri Kajala, abantu bose bavuga ko uwo muririmvyi ariko arata umwanya, kuko Kajala atazokwemera ko bagendana, ariko amaze gushika i Bujumbura, abantu amaso yaciye atangura gukanura.
Mista Champagne akaba hari abantu babonetse muri Commentaire bamusaba, kuraba agasimbira muri Tanzania, Kandi anahakorere Indirimbo, Kuko ubu ngo yofata cane gusumba imbere.
Ukwo kumusaba bikaba bihuriranye ko yaheruka kumenyesha ko ubu umugambi uhari, ari ukuja muri Tanzania kuja gutemberera Mama wa Kajala.
Ku batavyibuka, Mista Champagne yakira Kajala i Bujumbura, kugira babashe gukorana mu giteramo cari cahariwe abakenyezi kuko hari ku musi mpuzamakungu wabahariwe, uwo muririmvyi yakoze Video yiwe igihe amukubita aka Biz, yarabwe incuro 1,000,000 mu misi 3 gusa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55