diaspora eventsDiaspora Organizations

Dicobu ivyo gufasha abafise impano babiteje ku rundi rwego

Dicobu n’ishirahamwe rihurikiyemwo abarundi baba mu mahanga neza na neza Ku mugabane w’Amerika(Diaspora USA) intumbero yabo akaba ari ukuja hamwe bakiteza imbere, bakanateza imbere igihugu cabibarutse.

Mu ntango z’umwaka wa 2022 niho bategura ihiganwa ryitiriwe Dicobu music awards 2022 na miss Burundi USA 2022, bakaba bariyemeje neza ko iryo higanwa ritagiye kugarukira aho ahubwo ko uko umwaka utashe rizohora ritunganywa.

Iryo higanwa rikaba ryari ryasozerewe neza, umuririmvyi yatahukanye ikibanza ca mbere aronswa agashimwe izuba riva cokimwe n’umwigeme miss yabaye uwambere.

Ubu naho mu mwaka 2023 bakaba baje batavyorosha uretse abaririmvyi n’aba miss ubu hiyongeyemo n’abakinyi b’umupira w’amaguru,ivyo bikazoba mu ntango z’umwaka hakazoba ari mu kwezi kwa 4 /2023.

Uko bizogenda abazoba biyandikishije,ubushimwe buzotangwa vyose tuzogenda tubikumenyesha.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 17