Uncategorized

Esther Nish bishasha abafitiye bizotangurana n’umwaka mushasha

Esther Nish hari ukuntu umengo muri ino misi na cane cane mu mezi yanyuma ahereza umwaka 2022, ntiyabonetse cane mu biteramo bitegurwa mu gihugu, bikaba biri muri bimwe vyatumye abakunzi biwe babona ko umengo yatakaye.

 

Ariko yarafise Ep yiwe yise Liminary igizwe n’indirimbo 5 yagiye arasohora indirimbo imwimwe.
Icatuma bibaza ko yoba yaratakaye wibaza kwariki?

Ni kwakundi yari yaramenyereje abakunzi biwe gusohora indirimbo izanana na video nziza bikaba ari vyo bari banyotewe.

Esther Nish arahumuriza abakunzi biwe ko umwaka 2023 bagiye kuwutangurana neza.
Akaba yanditse agira

ati:”Uku niko ngiye kubipfuriza umwaka mushasha muhire twarwanye intambara nyinshi mu bibi no mu vyiza, mumpozako umutima ndabashimira cane Kandi Ndabakunda cane.”

Tubandanye turindiriye isango yaduhaye kuko yashizeko ifoto biboneka neza yuko yoba ariko arakora video.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55