Entertainment

Fabilove ngo araje, nkuko abanya kinama yababwiye ko ategerezwa kugaruka.

 

Fabilove aho aherukira mu Kinama yari ahazanywe na festival Sica, uwomusi akaba atashoboye kuririmba kuko imvura itamukundiye.

 

Ariko igitangaje nko abari bishikiye murico kibanza ku kibuga c’umupira w’amaguru mu Kinama baranse kuhava batabonye ko Fabilove aririmvye, ibitari vyoroshe kuko imvura yari nyinshi, imvura imeze nkiyigabanuka yaciye aririmba indirimbo imwe gusa kugira ntababaze abakunzi biwe.

Ariko ngo ico umwana w’umwami aririye arakironka igenekerezo rya 24 Kigarama 2022 umwaka utaranarangira. Fabilove arashikanye ico yiyemeje, akazoba ari mu Kinama kugira bidagadure n’abakunzi biwe.

Hazoba ari Kuri Nueva Vista Bar Kinama Isaha cumi akazoba ari kumwe na Kingorongoro, Divis, Bel Chris kwinjira ahasanzwe Ni 3000 VIP ni 10000

Urahawe ikaze rero ntagusiba wibonere abaririmvyi bo mumudiho wa Rap.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 331