Entertainment

Mkombozi kuva aho vyakabereye agomba akurikize Nadine

Mkombozi mu rugendo rwiwe rw’urukundo yarashoboye kuronka umwana amuvyara n’umukobwa atigeze ashima kwerekana ku mbuga ngurukana bumenyi ngo abantu bamumenye.

Ico Mkombozi avuga ngo ni uko uwo mwana yamuronse mu bihe atari yiteze kuronka umwana uretseko ata mugambi yari afise no kuvyerekeye uburyo vyari bikigoye kuko n’izina yiwe ritari bwamenyekane nkubu.

Buke buke vyarakunze kuko atawozibira imigambi y’Imana umwana yarabonetse nawe akaba azwi kw’izina rya Nadine, ibitari vyoroshe kuko yari no mugihugu c’abandi muri Tanzania mw’ikambi y’i mutabira.

Ibitamworoheye kandi kuko yaciye afata iyihuta agaruka mu gihugu c’amavukiro umwana asigara muri Tanzania

Agishika mu gihugu c’Uburundi Mkombozi yaciye afatisha mu mwuga wiwe wo kuririmba hose aramenyekana, ndetse aranerekana umukobwa basohokana yamwita Mkombozine ariko Ivyabo vyarangiiye atamwana baronse kuvaho ata mukobwa yasubiye kugaragaza ko bari murukundo.

Umwaka 2022 Mkombozi aremeza ko uyu mwaka ari rwiwe kuko yawutweretsemwo umukunzi wiwe, akaba yanasubiye kumwerekana yibungenze.

Mkombozi akaba agiye kuronka umwana agira 2 inyuma y’imyaka irenga 10
Akajambo kamwe kokumukeza mkombozi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 331